BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Akes Don yavuze ku majambo y’urukozasoni yoba ari mu ndirimbo yiwe

AKes ntahakana kandi ntiyemeza ko hoba hari amajambo y’urukozasoni mu ndirimbo yiwe yakoranye na Akes don, ariko akavuga ko hari amajambo arimwo atahura abakuze.

Indirimbo ya Akes don na B Face ngo nta majambo y’urukozasoni arimwo, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Akes ubwiwe mu kiyago aheruka kugirana na bagenzi bacu.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyi avuga ko amajambo B face yashikirije, ari amajambo yokwumviriza bose, baba abana co kimwe n’abakuze, ariko abakuze ngo akaba aribo babasha kuyatahura.

Ariko muri ico kiyago nyene na Bujumbura Tv, uwo muririmvyi aragaruka akavuga ko ivyo abantu biyumvira ko bavuze, ngo sivyo bo bashatse kuvuga. Ariko ngo ubutumwa bwabo bwari ubundi.

Aho ni mu gihe amajambo B Face yavuze ajanye n’umuhwi hamwe n’umukunzi wiwe, abatari bake bayavuzeko vyinshi,a ho bavuga ko icamwa umuhwi cakoreshejwe cari kihamije iyindi nsobanuro.

Muri ico kiyago nyene Akes yijeje abamukurikira ko hari amashusho y’iyo ndirimbo ariko arategurwa gushirwa ahabona, ngo abantu ni bayitege mu gihe ca vuba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775