Entertainmenthomepage

Don Brighter inyuma ya Social Mola ni uwahe muririmvye w’umunyarwanda akukirira?

Don brighter n’umuririmvyi w’umurundi akorera ibikorwa vyiwe mu makungu neza na neza muri Leta zunzubumwe z’Amerika.

Don Brighter uretse ko aririmba, asanzwe anafasha abafise Impano muri label yiwe yise “DB music “nkuko yabikoze k’umurwi WE Love music .

Mu mateka yiwe yo kuririmba benshi bamwemera ko ari muri bamwe mu baririmvyi nubwo baba mu mahanga bakora ibishoboka vyose ibikorwa vyabo bigashigikigwa no mu gihugu cabo c’amavukiro.

Mu mwaka 2022 niwe yatahukanye ihiganwa ryatuganijwe n’ishirahamwe rihurikiyemwo abarundi baba mu mahanga (DICOBU)anatahukana ikibanza cambere mu baririmvyi bagera ku 7.

Yaheruka mu rugendo mu gihugu c’Uburundi, mu nyuma yaho akubitira mu gihugu c’Urwanda mu kazi katashoboye kumenyekana.

Acishije ku mbuga ngurukanabumenyi Brighter yamenyesheje ko vuba agiye gushira ahabona indirimbo yakoranye na Davis D umuririmvyi w’umunyarwanda .

Igenekerezo rya 29 Nyakanga 2023 indirimbo” For you”niho azoyishira ku mugaragaro.

Twobibutsa ko akoranye na David D inyuma yo gukorana na Social Mola mu ndirimbo yabo bise “profile” yongera araboneka muyo bise “Energy “arikumwe na Vania ICE na D- one haraciye amezi 8.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,763