East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Alikiba yigaramye Diamond izuba riva

Alikiba ararahira akarengwa ko atokwitabira Wasafi Festival, nawe ngo uruhererekane rw’ibiteramo ariko ashaka gukora ngo ntazomuhamagara.

Ivyavuzwe ko Umwe muba Manager ba Diamond yagiye kuvugana na Alikiba ngo azokwitabire igiteramo ca Wasafi, ngo sivyo na gato kuko ntawigeze amurondera, Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Alikiba ubwiwe mu kiganiro yagiranye na Times FM.

Muri ico kiganiro, Alikiba avuga kandi ko ico giteramo cabo atazopfa acitabiriye nkuko yabibamenyesheje kuko ngo Atari irya 1 bagerageza kubesha abantu ngo bamurondeye.

Alikiba avuga ko hari ivyiwe ariko arategura gukora, kandi muri ico giteramo atazopfa atumiye Diamond. Ivyo akaba yavyishuye abajijwe nimba hari ubutumire yitegura guha uwo muririmvyi.

Naho biruko Alikiba avuga ko aryoherewe intambwe Diamond agezeko, kuko ngo ari nziza cane. Akaba amusaba nawe kubigenza nkuko Ku ruhande rwiwe.

Mukibuka ko vyavuzwe cane ko yoba azitabira ico giteramo, ariko aza kubibeshuza akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram aho yavuze amajambo akomeye cane, yanatangaje abatari bake.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769