BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin yavuze ku mafaranga yasabwe ngo aririmbane na Big Fizzo na Sat-b

Alvin Smith benshi bazi nka La Vache, ngo yaragerageje kurondera gukorana na Sat-b co kimwe na Big Fizzo ariko biramunanira.

Mu kiyago na Indundi TV, uwo muririmvyi yatanze umuco aho yavuze ko ngo intambwe yategerezwa gutera yayiteye, ariko vyankira mu nzira.

Muri ico kiganiro nyene yavuze ko aho vyankiye ari Ku mufuko kuko yasanze vyomutwara amafaranga angana n’ayo yogura ikibanza co kwubakamwo inzu “Parcelle”.

Ukivyumva, wohava wibaza ko yashatse kuvuga ko yasabwe amafaranga n’abo baririmvyi uno musi bari mu bemewa gusumba abandi. Ariko yahavuye atanga umuco avuga ico ayo mafaranga yokoze.

Alvin yabwiye Alan muri ico kiganiro ushobora gusanga Ku rubuga rwa YouTube rwa Indundi TV, ko abamukuye Ku nzira ari abasanzwe bakorera amasanamu abo baririmvyi, kuko muvyo yasabwa gukwiza imbere yuko bakorana harimwo gukora amasanamu meza. Uwo mukagato rero ngo yawusabwe n’abo bahinyanyuzi.

Muri ico kiganiro Alvin ntiyidoze ahubwo yavuze ko abitahura kuko abaririmvyi bo kuri urwo rugezo ngo ntibakorana indirimbo n’uwuhava akora aga Clip k’ibihumbi 300.

Mwomenya ko muri ubwo buryo nyene buke asanzwe afise, Alvin yarabashije gukorana na Chany Queen, umwigeme atanamugoye nkuko yabandanije abivuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775