BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Alvin ngo aritwara nta kabuza kuko baramwambuye bikomeye

Alvin Smith ngo agiye kwitwarira abo muri rimwe mu mashirahamwe afasha abaririmvyi gushira Ibikorwa vyabo ku mbuga zigurisha umuziki.

Imvo n’imvano nuko ngo ata n’urukoroka bigera bamuha avuye kuri izo mbuga, Kandi yumva abandi babariha buri gihe.

Uwo muririmvyi avuga ko hari umwe mu bakorera imwe mu nzu zifasha abaririmvyi gukwiragiza izo ndirimbo yamwegereye amwemerera kumufasha kuzishirako, noneho amuha uruhusha bazishirako.

Alvin kuri Micro za Siren yavuze ko yagerageje kubaza ivy’ayo mafaranga, noneho bamubwira ko ata mahera babaha ngo Ari ukubafasha kugira umuziki wabo utere imbere.

Inyuma y’ukwumva rero ko ishirahamwe Believe risanzwe ririha abaririmvyi, akibuka ko YouTube yiwe itinjiza amahera kubera YouTube yama imwandikira ko yivye Indirimbo z’iryo shirahamwe kandi Ari rwiwe, akanibuka ko abatari bake bama berekana ko bariko bumviriza Indirimbo ziwe kuri za Spotify n’izindi, ngo nta kabuza araja kwitwara.

Ariko naho muri Ico kiyago agashavu Kari kose, uwo muririmvyi yahavuye ahanurwa na mugenziwe Masterland ko yoraba akaja kuraba abatwara iryo Shirahamwe ngo bamukimorere utwo dufaranga twiwe. Bikumvikana ko abona ko ukuja mu butungane bitari ngombwa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799