BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Alvin ngo nta mugambi afise w’ama Beef na Olegue kandi ata nico yinjiza

Alvin Smith aho ageze ngo s’aho gukinisha nico gituma ivy’ama Beef ataco yinjiza ngo muri uno mwanya atabiha ikibanza. Ivyo akaba yavyishuye mu kiyago aheruka kugirana n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu, bamubaza ku kutavuga rumwe gushobora kwibonekeza hagati yiwe na Olegue batazi “Delegue General”.

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi yamenyesheje ko ikimutuma abandanya gutera aja imbere ngo n’uguca bugufi, kuko ata wubasha kugufasha uriko umwereka ko wishoboye, canke ushaka kumwereka ko uri hejuru yiwe.

Alvin ntiyaretse kuvuga ko ubu ategerezwa kuguma ari maso kuko afise vyinshi abazwa naho afise imyaka yita ko ari mike (25). Arico gituma ategerezwa gukora ibishoboka vyose ngo abashe kubandanya atera aja imbere.

“je nta mwanya w’ama Beef y’uburofa, ivyo narabirengeye. Kuko mbanzi yuko ninasamara mu nzu y’abandi baranyirukana, umuduga urapfa wicare hasi, ninasamara sinza gufungura. Ushaka nsubire mu buterere kwa mama, asubire ambone n’amasakoshi ngo ndagarutse vyanse. Je naravuye muhira mvuze nti jewe nzogwana uko bigenda kwose, rimwe na rimwe ndagira ubwoba.” Vyashikirijwe na Smith muri ico kiyago nyene.

Muri ico kiganiro uwo muririmvyi yaboneyeho akaryo ko gutumirira mugenziwe ngo ave mu bwibone, kuko nawe yahaciye, abona ko vyose bishoboka, ariko amaze kuja kurondera ubuzima ngo yasanze ibintu bitoroshe.

Alvin yanaboneyeho akaryo ko kumenyesheje ko mu misi ya Vuba agiye gushira ahabona imipira y’indirimbo Kamisha yakoranye n’umuririmvyikazi Monna Walda azwi cane nka Mo’w Kanzie. Aho n’inyuma y’iyo yakoze y’indirimbo Mukhama yakunzwe n’abatari bake, kandi ngo urudandazwa rwagenze neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776