AnimalsBurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin ngo ntaki draga we baramurondera

Umukobwa arikumwe na Alvin mu rukundo muri ino misi, anaheruka kuja kumwerekana muhira iwabo, ashobora kuba ari mu bakobwa benshi bamwirutse inyuma, ariko agira amahigwe atsindira umutima wiwe.

Mu kiyago na Jimbere, Alvin Smith yavuze ko ari mu rukundo rukomeye, ahubwo ngo asenga Imana kugira ntaze agwe mu bibazo. Uwo muririmvyi ntiyaretse kandi kuvuga ko kera yahora arondera abakobwa (Ku draga), ariko ubu ngo nta mukobwa arondera ahubwo baramurondera we.

Uwo muririmvyi ntiyaretse kuvuga ko ivy’uko abakobwa bamwanka ku bwinshi vyaba kera ataramenyekana, ariko uno musi ngo nta womwanka kuko n’abamwiruka inyuma ari benshi cane.

Uwo mwigeme asanzwe ari mu barundi baba mu mahanga, neza neza muri Canada, ariwe agize imisi aboneka cane ku rubuga rwa Alvin rwa Instagram ruheruka gukwiza abantu 20,000, bakaba banagize imisi baboneka mu manza z’ubugeni zitari bake, aho bamwe banibaza igihe nabo bazokorera ubwabo.

Ntimwibagire ko Alvin aheruka kuvugira mu kiganiro yatanze kuri imwe mu mboneshakure za hano iwacu aho yavuze ko ubugeni azobukora mu misi itari myinshi cane gose. Ico gikorwa ngo azogikora kugira abantu abereka ko ata gufyina kukimurimwo. None ni Nirna canke azoba ari uwundi? Reka turindire umwanya uzobitubwira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776