BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith ngo narabire n’izindi atari Instagram gusa

Alvin Smith akaba agiye mu gitigiri c’abandi baririmvyi bafise Bleu Tick ya Instagram, ico bakunze kwita kuba Verified.

Uwo muririmvyi akaba yavyerekanye Kuri uyu w’Imana ku rubuga rwiwe rwa Facebook, aho abatari bake bagize ico babishikirizako.

Ako kamenyetso gasigaye karihishwa buri kwezi, amafaranga arenga gato ama $ 8, n’ukuvuga arenga 24,000 vy’amarundi, kakaba kavugishe abatari bake mu bagize ico bavuga kuri iyi Post yanakunzwe n’abarenga 4000, mu mwanya muto.

Bamwe bakaba babwiye Alvin ko naho aryohewe, amenye ko agiye Kuza arariha amafaranga buri kwezi, kuko itakiri u ubuntu. Abandi nabo bamubwira ko ata gitangaza kirimwo, kuko ngo n’abandi baradufise.

Abandi bakaba bagarutse kuvyakozwe n’umunyeshamakuru Edisson Ndayahoze, aho yanenyesha ko nawe yabaye Verified Kuri Facebook, aho bavuze ko nawe ivyo bishobora kuba nka Birya vyabaye Kuri Edisson, noneho akaba arababeshe.

Abandi bamusaba guca araba akaronderera na Facebook nayo ngo igakeneye, kuko urwo arirwo rubuga rwonyene rubaye Verified, kuko Facebook na Twitter zitaraba Verified.

Uwo muririmvyi ariko yanaronse n’abamutera intege, barimwo abamubwiye ngo natere aje imbere, kuko azi kwidandaza.

Ako kamenyetso akaronse mu gihe afise abamukurikirana bariko barababa 100,000 kuko ageze ku 96,000.

Naho inkuru Ari inziza, ariko na mbi nayo ntibura Kwa Alvin, kuko umuntu ataramenyekana agize igihe ashira ku mbuga zigurisha umuziki Indirimbo iz’abaririmvyi batandukanye, Barimwo na Alvin nyene.

Uwo muririmvyi akaba yanditse ku rubuga rwa Twitter, yihanangiriza uwo muntu, kuko ngo Indirimbo yiwe aheruka gusohora bayigizeko Copyright kubera uwo muntu yabatanze kuyishira Kuma Platform.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758