BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ayayayay ya Dudu Niyukuri yakwije Views 1,000,000

Igaruka rya Dudu Niyukuri mu Muziki Kandi, ryatanguriye ku mugisha ukomeye, kuko Indirimbo yatanguriyeko yabaye iya mbere ikunzwe Kandi inakurukiranywe cane.

Indirimbo Ayayaya iza mu kibanza ca mbere mu ndirimbo za Gospel zakunzwe cane mu Burundi muri uno mwaka wa 2023, ikaba n’iya mbere yarabwe cane muri Gospel muri iyi myaka 5 iheze hano iwacu, yakwije Views 1,000,000.

Mu gushima, uwo muririmvyi akaba yanditse ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp co kimwe na Facebook, ashima abamufashije kuyikwiragiza, abamufashe ku mugongo. Yanashikirije ko izo Views Ari nyinshi cane, ariko akizera ko abo babashije kuyumva babashije gukira, bagasubizwamwo intege mu rugendo.

Iyo ndirimbo yatanguriye izindi mw’igaruka rya Dudu T Niyukuri mu Muziki, inyuma y’igihe asa nkaho ivyo gusohora Indirimbo atari ikirenga, ibandanya ikundwa gusumba.

Iyo ndirimbo Kuri izo Views ikaba yaciye ija mu kibanza ca 2, mu ndirimbo z’uwo muririmvyi zimaze kurabwa cane, kuko iya mbere Ari Indirimbo baririmbiye hamwe n’ibindi bicocoro nka Fortran, Fabrice, Appolinaire na David, iyo nayo akaba Ari Ntabe Ari twebwe.

Iyo ndirimbo muri ico kibanza ikaba ihagatiwe n’indirimbo ata nimwe iri musi y’imyaka 4, kuko mu ndirimbo 10 za mbere zarabwe cane gusumba izindi Kuri urwo rubuga, iyo yonyene akaba ariyo nshasha.

Mu kiganiro aheruka kugirana na Hosy Irakoze Kuri Siren Vibe Tv, Dudu yavuze ko ubu yagarutse atazosubira kwicisha umwumwa abakunzi biwe. Mu mezi 8 gusa, akaba amaze gusohora Indirimbo 3, harimwo n’iyi imaze gukwiza Views 1,000,000.

Uwo muririmvyi Kandi muri ino misi, akaba ashobora gusohora iyindi ndirimbo nshasha, kuko agize imisi asa nkaho ariko aramenyesha ko hari bishasha biri inyuma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760