BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith ngo nibahagarike

Mu gihe abaririmvyi b’abarundi ngo batanguye kwagurira ibikorwa mu Rwanda, n’abanyarwanda bakitabira ibikorwa i Bujumbura kugira bagire ico binjiza, ngo abakoresha imbuga ngurukanabumenyi zitandukanye nka Facebook ngo batanguye kubiba urwankano hagati y’ivyo bihugu.

Alvin Smith umwe mu baririmvyi b’abarundi batarya umunwa, yanditse ku rubuga rwa Twitter asaba abantu bakoresha cane cane Facebook kureka kubiba urwanka hagati y’abaririmvyi b’abarundi n’abanyarwanda.

Alvin Smith, avuga ko uwu ariwo mwanya mwiza wo gukorana hagati y’ivyo bihugu, noneho ngo batanguye kubishiramwo amajambo.

Alvin akaba avuga ko atifatanije n’abo bariko barashaka kuzana icuka kitari ciza hagati y’ivyo bihugu.

Alvin akaba ayanashikirije ko burya abazobuhimberamwo Ari abo baririmvyi ubwabo.

Alvin Kandi akaba Ari mu gitigiri c’abaririmvyi b’abarundi bagize igihe bariko baravugwa cane I Kigali. Akaba Kandi Ari no mu baririmvyi bagize imisi bakorana n’abaririmvyi b’abanyarwanda.

Alvin Smith akaba abishikirije mu gihe yaheruka kutarabwa ryiza n’abantu batandukanye Aho babona ko uwo muririmvyi asa n’uwuriko yiheka cane ku banyarwanda gusumba abarundi. Aho hakaba hari inyuma yaho ashikirije ko atazosubira gukorana n’umu Producteur wa hano iwacu.

Mu Kiganiro aheruka kugirana n’ Ikinyamakuru Siren vibe, akaba yamenyesheje ko Indirimbo yakoreye I Kigali zititeze gusohoka, kuko hasohotse gusa iya Bwiza, ariko n’iya Juno Kizigenza nayo iri inyuma.

Ivyo Alvin abishikirije mu gihe muri uno mwaka, abaririmvyi batari bake haba ku ruhande rw’Uburundi, co kimwe n’uruhande rw’Urwanda, bagize igihe bipfuza gukorana na bangenzi babo bo muri ivyo bihugu bibanyi.

Alvin Smith akaba amaze gukorana Na Bwiza na Juno Kizigenza, Drama T yakoranye na isimbi Dee, Double Jay na Kirikou bakoranye na bruce Melodie eka Hari n’iyindi yitezwe ya Papa Cyangwe yakoranye na Double Jay.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775