BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith yaraye asubiye i Kigali

Kuri uyu wa gatatu Alvin Smith yasubiye kandi kwerekeza mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho bishoboka ko agiye guheraheza igikorwa ciwe gishasha yakoranye na Bwiza.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Whatsapp co kimwe n’izindi mbuga, uwo muririmvyi ku musi wa kabiri yariko arondera abo bofatana urugendo rwerekeza i Kigali, aho mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe, yari yabaronse.

Alvin imbere yuko asubira i Bujumbura ava i Kigali, aho yari yamenyesheje ko agiye kubw’ukurahura ubwenge, ngo amahera yari yajanye yaramuheranye bituma adashobora kubandanya ivyari vyamujanye, aho yaciye asubira inyuma ngo aje kurondera ayandi noneho abone gusubirayo.

Iyo ndirimbo yakoranye na Bwiza ikaba ariyo izwi, ariko bikanashoboka ko afise n’izindi yakoranye n’abanyakigali, naho atarabasha kubavuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775