BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith yinjiye muri Milligang

Alvin Smith akaba nawe ahambije abandi mu gitigiri c’abaririmvyi bafise Indirimbo zimaze gukwiza Views 1,000,000.

Iyo ndirimbo ikaba imuteye iryo teka ikaba ari “Akadaje”, yakoranye n’umuririmvyi w’umunyarwanda Juno Kizigenza.

Iyo ikaba yari ibaye iya 2 akoranye n’umunyarwanda, kuko iya mbere yari Turajana, iyi nayo akaba yayikoranye na Bwiza. Iyo ndirimbo ikaba iza mu kibanza ca 3 c’izimaze kurabwa cane Kuri urwo rubuga rwiwe rubarizwako Video zirenga 200, zirimwo Indirimbo, amareresi, Couple Quiz hamwe n’ama Vlog amaze gukorana na mukiwe.

Iyo ndirimbo itanguye gukwiza izo Views, ikaba yarimaze igihe ibura views zidashika 200,000, mu nyuma aza kwivyukiranya asubira gusaba abafana ngo baje kuyiraba kugira ikwize, noneho yaraye ikwije.

Alvin Smith akaba amaze igihe ariko akorana n’abanyamahanga kuko hampande y’izo 2, yanakoranye n”uwundi munyarwanda, hamwe n’umugande, banaheruka gusohora Indirimbo bakoranye bose bose Wea You.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760