Burundihomepagekirundikirundi_Sports

Ba Bakinyi ba Handball bashobora guhabwa ubuhungiro mu bubirigi

Ba bakinyi ba Handball b’abarundi baheruka kuzimirira muri Croatia aho bari bagiye gukina inkino mpuzamakungu zawo, bamenyekanye iyo bari.

Inyuma y’indwi 3 gusa baburiwe irengero, ngo bageze mu Bubirigi aho bamaze no gutangura gusaba ubuhungiro nkuko biheruka kwemezwa n’ubushikiranganji bujejwe Immigration muri ico gihugu.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Dhnet co muri ico gihugu abishikiriza, ngo abo basavye ubuhungiro muri ico gihugu, ngo bafise amahirwe menshi yo kubuhabwa kuko bakiri abo bitwa aba Mineur, nukuvuga bari musi y’imyaka 18 y’amavuko.

Iyo nkuko ibandanya imenyesha ko ico gihugu kimaze kwakira abasaba ubuhungiro batari bake baba binjiranye muri ico gihugu.

Abo basore bakaba bakamenyekanye ko bari muri ico gihugu, inyuma yaho abatari bake babatereye ivyatsi, ngo kuko batorotse batumwe n’igihugu. Abandi n’abo bakaba barabashigikiye kuko ngo ibihe bitifashe neza hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 862