BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith yiswe Imburakimazi

Ivyo Alvin Smith yaragize imisi ariko aravuga ko bitamworoheye, birimwo abashira amajambo umugore, abatari bake baguma bavuga ko yoba ari Buzz, ariko umugore wiwe nawe yerekanye ko bwabundi atari Buzz, ngo n’ukuri.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, uwo mugore wa Alvin, yasangije abamukurikirana ubutumwa bumwe muri bwinshi aronka ahawe n’abantu ku rubuga rwiwe.

Ubwo butumwa bukaba bwagaruka kuri Alvin Smith, aho muri ubwo butumwa uwo muririmvyi yerekanywe nk’umugabo w’imburakimazi, ataco azomarira umugore.

Uwo muntu atabashije kuvugwa izina, yabwiye uwo mugore wa Alvin mu rurimi rw’icongereza Ati : ” Amahoro mushikanje Nirna, nizere ko umeze neza. Nari nipfuje kubaha impanuro zizobafasha kwubaka kazoza kanyu, mushikanje uri mwiza, uri umugore abagabo bose bokwipfuza kubana nawe, uri umugore akwiriye ukwubahwa, urukundo n’ukwitabwaho,… Mushikanje, uko uboneka, n’uburyo wiyumvira bitandukanye cane ntivyari bikwiye umuntu nka Alvin Smith. Uwo mugabo afise ivyiyumviro biri hasi cane, nta kintu na kimwe uzomuronkako atari ugusuzugururwa. Raba kahise kawe na kahise ka Alvin Smith. Uracari muto, nturi uwo kwihebura kubw’urukundo, ukwiye umugabo agushiramwo amafaranga, apana wewe ushira amafaranga ku mugabo w’imburakimazi nka Alvin. Kazoza Kari mu minwe yawe, ukora ijoro n’umurango kugira uronke amahera, ariko bikarangira uyashize mu muntu atanazi no kuririmba, wibaza ko uzogarura ayo washizemwo? Ibaze iyo uyashira muri Supermarket canke mu nzu wibaza ko ubu uba ugeze he? Ikangire.”

Ubwo butumwa bukaba bwakurikiwe n’ubundi aho Nirna yabwiye abamukurikirana ko ubwo aribwo butumwa ariko araronka kuri uwo musi wa Noheri.

Ku bavyibuka hakaba hari harigeze kunuganugwa ko yoba yaratandukanye n’umugore wiwe, imvo ngo kwari uko uwo mugore wiwe amupfuhira, hanahanagurwa ama Foto yiwe yose ku rubuga rwa Instagram, noneho abantu baza baba baremeje ko batandukanye.

Amakuru yahavuye atangwa na Alvin ubwiwe, yavuga ko atarivyo na Gato, ahubwo ngo ari uburyo bwo kugira urugo rwabo rutabwamwo na bose, arico gituma yabikoze uko.

Alvin Smith akaba Kandi yarigeze kuvugira kuri Yago Tv show, ko abandikira umugore wiwe bamushira amajambo ari abagabo bamushaka. Akaba yanaboneyeho akaryo ko kubabwira ko boshaka bobiheba kuko ngo abamwandikira bose abona ama lessage yabo, kuko nawe ashobora kwinjira mu butumwa bwiwe kuri Instagram.

Gushika ubu Alvin Smith akaba ataboneka ashira ahabona ikintu na kimwe kiraba umugore wiwe, kiretse ko mu misi iheze yigeze kwerekana Screenshot ya Appel yariko aravugana n’umugore, aho bari bavuganye umwanya utari muto, noneho abuherekezesha ubutumwa buvuga ko ukwubaka atari igikorwa coroshe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775