BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin yagiye yijaniye John Elarts i Kigali

Ku bakurikiranye amakuru twagiye turabashikiriza, muribuka ko twari twababwiye ko Alvin Smith yasubiye i Kigali kugira aheraheze igikorwa yari yakoze, kandi twari twababwiye ko igihe Alvin asubira i Bujumbura ava i Kigali, yari yagiye kubera amahera yamuheranye.

Kuri uyu wa gatatu mw’ijoro, hahavuye haboneka ayandi makuru ku bijanye n’urwo rugendo rwa Alvin Smith i Kigali.

Uwo muririmvyi yaheruka kumenyesha ko adashobora gusohora amafaranga angana n’$5000 kugira akore amasanamu y’indirimbo, yasubiye i Kigali yitwariye uwushobora kumukorera amasanamu, naho ataco arabivugako.

Nk’uko vyabonetse ku mbuga asanzwe akoresha, uwo muririmvyi yasubiye i Kigali ajanye na John Elarts umwe mu bahinyanyura bakomeye ba hano iwacu.

Amashusho atandukanye yabashije kuboneka yerekanye Alvin arikumwe na John Elarts ariko kandi hanaboneka muri ayo mashusho abandi bantu tutabashije kumenya.

Mukibuka ko Alvin yaheruka kumenyesha ko amafaranga bamuciye mu gukora Audio y’indirimbo bakoranye na Bwiza ari umurengera, kuko yigwije hafi incuro 5 ayo asanzwe atanga mu Burundi, bikaba bishoboka ko arico gituma yagiye ajanye na John Elarts.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760