BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Alvin yoba avuga ko azosubiriza mu ndumane Big Fizzo na Sat-b kuko bamwimye Collabo?

Abaririmvyi b’abakambwe muri uno muziki ndundi ngo baraba hange, kuko mu misi iza bazohava basanga abaririmvyi bariko bararuka muri ino misi ata numwe abaha nirwe. Imvo ngo nuko abo baririmvyi badashaka gukorana indirimbo n’abo baririmvyi bagitangura umuziki.

Alvin mu kiganiro na Juste ntiyaretse kuvuga ko abo baririmvyi ngo mu misi iza ivyo bariko babagirira ngo bazobibasubiza nibamara kugira ico bishikanyeko. Ico gihe ngo nabo bazobasaba akantu kugira bakorerane, kugira babasubirize mu ndumane.

Uwo muririmvyi yavuze ko ikibanza gikwiriye ngo bazogishikako aruko bariko bakorana, nukuvuga abaririmvyi bo mu runganywe rushasha, Kubwa Alvin ngo kurya yakoranye na Monna, bazokorana n’abandi bariko bararuka, gutyo ngo batezanye imbere.

Alvin akaba ataretse kuvuga ko abo baririmvyi bakomeye bareka kubemerera gukorana nabo kuko ngo baba babona ko urwo rwaruka ataho rwobashikana, arico gituma.

Alvin yagize ati : “igituma batwankira sukuvuga ko badusaba amahera, ahubwo aba abona uyu mu petit ntana hamwe yonshikana. Akibagira ko iyi ntambwe yayiciyenwo naho yayirenze, kandikugira ayirenge hariho abamufashije. Mu buzima n’ugufashanya, abantu barakeneraniye.”

Mwokwibuka ko uwo muririmvyi nyene yigeze kuvuga ku ndirimbo yigeze kuja gusaba abaririmvyi  Big Fizzo na Sat-b aho yavuze ko batamwimye gukorana nawe, ariko ngo ahubwo bamusavye gukora ibintu biremereye nk’amabuye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776