BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Amafaranga arahatswe kwatsa umuriro hagati ya Ddhumba na Nella Neth

Abo mu kinyamazuru bita aba Influencers baraye bahaririye akavumbi karatuma ku rubuga rwa Instagram, abo nabo ni abazwi nka DDHUMBa na NELLA NETH basanzwe bari mu barundi n’abanyarwanda bafise abantu batari bake babakurikira.

Imvo y’impari zabo, nuko Ddhumba abona ko Nella yarakwiye gushigikira cane umuziki ndundi mu kuza ashirako indirimbo zabo kuri urwo rubuga rwa Instagram, kugira bikunde umuziki ndundi ubandanye ukunda haba hano iwacu, co kimwe no mu makungu.

Ivyo Nella akaba avuga ko abikora, ariko ko atarico yihebeye nkuko uwo mugenzi w’umunyarwanda asanzwe abikora. Nella akaba yavuze ko asanzwe abikora, akazivuza eka mbere akanabatumira kuma Live akora kenshi.

Muri ico kiyago, abo bose uko ari 2 hari ico batahurijeko, kuko Nella avuga ko we ivyo akora kuri urwo rubuga abifata nk’akazi, aho atumirira ahubwo abaririmvyi ko boba bariyumvira kuza barashira mu gitigiri c’ivyo bazokoresha mu kumenyekanisha indirimbo amafaranga baza baha abantu nkabo.

Ivyo DDHUMBa akaba atavyerekwa kuko avuga ko bitarivyo kuko abaririmvyi ngo ataco binjiza uno musi, ahubwo ngo bakwiye kubikora mu kubashigikira kugira umuziki ubandanye uduga cane.

Aho hagaca haza ikibazo uno musi gisa n’ikiriko kiraboneka ku minwa ya benshi, aho bibaza uruhara rw’abantu bakurikirwa cane ku mbuga ngurukanabumenyi mu guteza imbere umuziki ndundi, n’igihugu cacu muri rusangi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775