BurundiBurundi-GospelEntertainmentGospelhomepagekirundimusic

Amafaranga Babijoux Bonfils yinjiza mu muziki ayafashisha impfuvyi

Umuririmvyi benshi bazi nka Babijoux Bonfils avuga ko yashimye gufasha abana kuko nawe asanzwe azi uburyo ubuzima buryana, niko gushinga ishirahamwe Hope for Brighter Days ryamuka kuryo yashinze muri Kenya.

Mu kiganiro na kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu, uwo muririmvyi asanzwe akorera ibikorwa vyiwe mu gihugu ca Kenya, yamenyesheje ko gushika ubu ishirahamwe Hope for Brighter Days rifasha abana bashika ku 50 hano iwacu.

Nayo impamvu zamuteye gushinga iryo shirahamwe, Babijoux yabwiye Akeza ko yakuriye mu buzima bubi. Igituma ngo nuko nawe yabuze se akiri muto, noneho arererwa kwa inakuru ngo yamukunda cane. Ariko ico nticabujije ko yaja kw’ishure n’ibirenge, kandi ngo n’impuzu ntizari umurengera. Muri ivyo bihe bitari bimworoheye, ngo vyarashika yaho avuye kw’ishure yaraba kubera inzara.

Uwo musore yize mu gihugu ca Israel I Tel Aviv, inyuma yaho ku myaka 18 asuhukiye mu gihugu ca Kenya, ngo iciyumviro co gushinga iryo shirahamwe caje mu mwaka wa 2016. Imvo n’imvano ngo n’urupfu rw’umuvyeyi yarasanzwe ashigikira mu buzima busanzwe, noneho amusaba ubufashwa bwo kuja kurondera akazi inyuma y’igihugu, ariko birangira yitavye Imana.

Inyuma y’urwo rupfu ngo yaje I Bujumbura abona abana barasanzaye agerageza kubegeranya, noneho abasigira ibizobatunga ikiringo c’ukwezi, ariko ngo ntivyabashikanye ico gihe kuko inyuma y’indwi 2 gusa, yahavuye ahamagarwa amenyeshwa ko ibifungurwa vyaheze kandi hari n’izindi mpfuvyi zikene ubufasha. Niko guca ashinga ishirahamwe ryabo, ariko abanje guhanurwa na zimwe mu ncuti ziwe.

Uwo muririmvyi yamenyesheje  uburyo ukuririmba bijana n’ico gikorwa c’ugufasha impfuvyi, avuga ko ijambo ry’Imana muri bibiliya rimubwira ko idini nyakuri ari ugufasha impfuvyi n’abapfakazi. Arico gituma yashimye kurondera amahera akoresheje umuziki noneho akayafashisha abo bana.

Mwomenya ko uwo muririmvyi asanzwe akorera mu nzu y’ubuhinyanyuzi mu gihugu ca Kenya yitwa Kilimani Studio. Akaba yandika indirimbo kandi akaba umuhinyuzi muri iyo nzu nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776