East Africa Newshomepagekirundi

Amafaranga y’abakirisu yafunze umuvugabutumwa I Kigali

Kuri uyu w’Imana I Kigali mu Rwanda, umukozi w’Imana azwi kw’izina rya Apotre Yongwe yatawe muri yompi nkuko ibinyamakuru vyavyanditse.

Amakuru atangwa n’urwego rw’igihugu rukurikirana ivy’ivyaha muri ico Gihugu RIB, avuga ko uwo mugabo yagirizwa kwiha utwabandi akoresheje urwenge, icaha guhabwa n’itegeko rya 174 mu gitabo mpanavyaha c’Urwanda.

Uwo mugabo yafashwe akaba yarasanzwe azwi cane I Kigali ku mbuga ngurukanabumenyi nka YouTube, aho yarakunze kuvuga akatari gake ku bibazo bitandukanye, canke inkuru z’aba zigezweho ico gihe. Yongwe Kandi akaba yarasanzwe akorera mw’isengero rya Horebu, riri ahitwa Kagugu i Kigali mu Rwanda.

Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Yongwe yagirizwa gusaba amafaranga abayoboke ngo abasengere, noneho ibibazo bafise bikemuke nkuko vyashikirijwe n’ico kinyamakuru nyene dukesha ino nkuru.

Yongwe, akaba afungiwe mu biro vy’inyamiramabi vy’ahitwa Kimihurira, mu kurindira ko Dossier yiwe iheza gukorwa noneho ikarungikwa mu butungane.

Yongwe akaba atari wenyene avugwa muri ivyo, kuko hari n’abandi bavugabutumwa nabo nyene ngo basaba abamafaranga kugira babashe kugusengera, abandi n’abo bakagurisha utuntu dutandukanye, bizeza abakirisu ko duheza tukabakemurira ibibazo baba barimwo.

Hampande yabo bavugabutumwa batangisha amafaranga, hakaba hari n’abandi bavuga ko ukwo ari ukuzimira, kuko Imana yatanze Agakiza ku buntu, ngo nta cosigura ko abantu babanza gutanga amafaranga kugira babashe gusengerwa, kuko uwukiza ari Imana Atari uwo aba ariko aragusengera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 739