BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Monia Fleur na Big Fizzo basohoye ya Ndirimbo

Ku mugoroba wo Kuri uyu wa Kabiri niho ya Ndirimbo yari igize imisi irindiranywe igishika cinshi n’abatari bake yahavuye isohoka, iyo nayo ni Faible ya Monia Fleur na Big Fizzo.

Iyo ndirimbo yaririndiranywe igishika cinshi kuko mu mwanya nkuwo gukubitwa urugohe yabashije kurabwa n’abatari bake mu bafana ba Big Fizzo na Monia Fleur.

Mw’isaha 1, iyo ndirimbo yarimaze kurabwa n’abarenga 4000, hamwe n’ama Like arenga 1000, eka n’ama Commentaire arenga 200.

Iyi ndirimbo ikaba isohotse mu gihe hari amakuru atandukanye yariko aravugwa Kuri Big Fizzo kubera igiteramo caheruka kubera i Bujumbura ca The Ben atabashije kubonekamwo Kandi ariwe muririmvyi w’umukambwe yabashije kuboneka Kuri affiche y’ico giteramo.

Iyi ikaba ishobora kuba ari inkuru ishobora gutuma iyo ndirimbo irabwa cane, kuko iryo Zina Big Fizzo riri mu yariko aronderwa cane haba Kuri Facebook canke Kuri YouTube.

Iyi ndirimbo Kandi ikaba isohotse mu gihe vyaheruka gushikirizwa n’umwe muba Promoter ko Cover yayo yibwe Kuri Cover y’indirimbo ITamporize ya Drama T na Mow Kanzie.

Iyi ndirimbo Kandi isohotse mu gihe Indirimbo Superman ya Big Fizzo nayo ihagaze neza, kuko mu mezi ariko arababa 2, imaze kurabwa n’abarenga 800,000 Kuri YouTube, ibica bituma iyifasha kuduga, kuko abariko bakurikirana Superman baca bahabwa akaryo ko kwumviriza Kandi na Faible kuko YouTube Ica iyibazanira.

Ku batavyibuka, Iyo Collabo ikaba yasabiwe Kuri Facebook, isabwa na Big Fizzo, mu misi mike baba bagiye muri Studio, budakeye Kabiri, baba bagiye gufata amasanamu.

Iyi ndirimbo ikaba yarimaze igihe kitari gito irindiriwe, aho haguma hanuganugwa izina rizohabwa iyo ndirimbo ubwayo, naho mu nyuma iryo Zina rya Faible ryahabuye rigarukwako cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757