BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-b arahindukije ivya ya Tour y’i Burayi

Sat-b ngo igihe ntikirarengerana ngo abashe kuja gukora rwa ruhererekane rw’ibiteramo ku mugabane w’uburayi.

Ku bavyibuka haraheze igihe hari amakuru avugwa ko Sat-b agiye gukorera uruhererekane rw’ibiteramo ku mugabane w’uburayi. Ico gihe havugwa ko Sat-b ariko abikorana n’uwahoze ari Manager wiwe, DJ Jackson biciye muri Maison yitwa Zose All Media.

Inyuma yo Kuronka VISA imujana muri Sweden, muri rya Sabukuru yari yatumiwemwo, abantu bari bibajije ko azoca agirako ategura vya biteramo, noneho azunguruke umugabane w’uburayi. Ariko siko vyagenze.

Mu kiganiro aheruka guha Bagenzi bacu ba Isanamu Media, uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko ibintu bitagenze neza mw’itegurwa ry’ivyo biteramo, arico gituma bitarabasha kuba.

Uwararemesheje ikiganiro yamubajije igituma batabwiye abantu ko ibintu vyapfuye, uwo muririmvyi amubwira ko batigeze bashikiriza umusi nyezina, ngo Nico gituma bishoka ko n’imbere yuko umwaka uhera vyoba vyakunze.

Uwo muririmvyi yamenyesheje Kandi ko kubwiwe yari yipfuza ko ibintu vyogenda neza, bagategura ibintu bigakunda ata gipfuye kibayemwo, ariko ntivyabashije gukunda.

Ibi akaba abishikirije mu gihe agitangura kuvuga ivy’uru ruhererekane, abantu batari bake babaye nka Thomas ngo bazovyemera aruko babibonye, kuko hamaze kuba abaririmvyi batandukanye bateguza ibiteramo, ariko bikarangira bitabaye.

Bamwe mu bari bamaze kuvuga ivy’ibiteramo ariko bikarangira bitabaye, harimwo Alvin Smith na Mow Kanzie, aho bari bavuze bazokorera igiteramo mu bubirigi, ariko ntivyakunda.

Harimwo Kandi na Double Jay nawe nyene yari yamenyesheje abafana biwe ko azokorera mu bufaransa, nawe nyene birangira abuze VISA kugira abashe kujayo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761