BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Amahera yo gushira muri Esther Nish ntayo

Abantu bagize imisi bavuga ko Umuririmvyikazi Esther Nish bamuryamitse, Manager Jackson yatanze umuco kuri ico kibazo.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, DJ Jackson yavuze ko label ya Bukiv Lab ata mafaranga akwiye bafise yo gushira muri uwo muririmvyikazi.

Igituma bavuga ko atayo bafise, ngo nuko amafaranga akenerwa kugira babashe gukorera umuziki uwo muririmvyikazi ngo ari amafaranga atari make.

Ubwo butumwa bukaba bubonetse inyuma yaho uwo muririmvyikazi aganiriye na Indundi Tv, aho yasubiye gushimangira ko atariki mu minwe ya Bukiv lab, kuko amasezerano bari bafitanye yaheze mu mwaka wa 2022 hagati, bakaba batarasubira gushira umukono ku yandi, ubu ngo ivyo bakorana n’ubucuti gusa.

Nish akaba yamenyesheje muri ico kiganiro ko DJ Jackson ari mubo ashimira cane, kuko abatari bake iyo murangije amasezerano n’ubucuti buca buhagarara ariko we ngo bikaba atariki bimeze. Akarorero akaba atanga aka Sat-B, nawe yigeze guca muri Bukiv label ariko bikaba bitabujije ko baheruka gukorana.

Na Esther Nish naho atakibarizwa muri Bukiv akaba ataretse kumwikorako ngo bafashanye mu bikorwa vy’ishirwa ahabona ya EP yitwa Luminary aheruka gushira ahabona.

Abafana bakaba bataretse kugira ico bashikiriza kuri ayo makuru yatanzwe na Manager Jackson, kuko bamwe bibazo iyo amafaranga yahora akoreshwa yaroye, abandi n’abo bakamusaba kubegera ngo bamufashe guteka umutwe.

Tubibutsa ko mu masezerano ya Bukiv label na Esther Nish aheze, Manager Jackson haraheze imyaka 3, mu kiganiro yigeze gukorana na Jimbere Magazine, yamenyesheje ko bazoshira amafaranga angana n’imiliyoni 100 muri uwo muririmvyikazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775