Entertainmenthomepagekirundimusic

Amasanamu ya Moto Demarrer ya Andy Mwag araja ahabona mu masaha makeya

Mu masaha makeya, akaririmbo gashasha k’umuririmvyi Andy Mwag buca gashirwa ahabona. Ako karirimbo akaba ari Moto Demarrer, kamaze kwumvikana amajwi yako.

Andy akaba ayo masanamu ashobora kuba yayakoreye hano iwacu, kuko yakozwe n’umuhinyanyuzi Bancos asanzwe akorera abatari bake mu baririmvyi ba hano iwacu.

Andy akaba yaheruka gushira ahabona akandi karirimbo naho katakorewe amasanamu haraheze amezi 7, ako nako akaba yari yakise Ego, kakaba kaboneka ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

Andy akaba yisumamwo hirya no hino, ariko akaba asanzwe avuza umuziki mu gihugu kibanyi c’Urwanda, mu bubare butandukanye, akaba ari mu bagize umurwi Beat Band, utavyoroheje i Kigali.
Ako karirimbo nikasohoka, kakaza kuba kari kuri ino link iraho musi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769