BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Amasanamu ya Truth or Dare RMX Ari mu nzira

Ya ndirimbo Big Fizzo yakorana na Davis D ngo igiye gukorerwa amasanamu mu misi ya Vuba, ivyo vyashikirijwe n’uwo muririmvyi nyene ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Davis D mu ntumbero yo guhumuriza abafana ngo bari bagize imisi batamworoheye, uwo muririmvyi yamenyesheje ko aho bukera amasanamu y’indirimbo Truth or Dare buca ashirwa ahabona.

Muri ubwo butumwa nyene, uwo muririmvyi yanamenyesheje ko RMX yiyo yakoranye na Big Fizzo ariyo izoca ikurikirwa ahabona mu nyuma.

Davis D yavuze ko yafashe amasanamu y’izo ndirimbo uko ari 2, ariko Ntiyavuga ayo masanamu Aho yayafatiye, canke igihe, ariko yemeje ko yafashwe.

Bikaba bigoye kuvuga nimba ayo masanamu y’indirimbo bakoranye na Big Fizzo yayafatiye hano iwacu, canke yayafatiye mu Rwanda, kuko hano iwacu yahamaze umwanya urume rumara, Kandi ata nkuru yigeze ivugwa kwifatwa ry’amasanamu y’indirimbo n’imwe ya Davis D I Bujumbura.

Big Fizzo akaba ariwe muririmvyi wa mbere w’umurundi, uwo muririmvyi asavye ko yomufasha mu ndirimbo, nayo Pizzo John akaba ariwe muririmvyi wa mbere w’umurundi yasavye Davis D ngo bakorane Indirimbo. Izo ndirimbo zose zikaba ziri ku rubuga rwa YouTube rwa Davis D.

Ayo makuru y’ifatwa ry’amasanamu y’izo ndirimbo akaba avuzwe mu gihe uwo muririmvyi aheruka kumenyesha ko agiye kwinjira mu rudandazwa rw’udukingirizo. Agakingirizo kiwe kakazoba kitwa D Protection.

Ivy’utwo dukingirizo ngo ni mu ntumbero yo kugira ico akoze mu bakiri bato, aho abahamagarira gukoresha udukingirizo mu ntumbero yo kwikingira ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka.

Ku batavyibuka, Davis D yahimbarije umwaka mushasha wa 2023 hano iwacu, aho yari umutumire muri Party People, akaba yarikumwe n’abaririmvyi nka Juno Kizigenza akomoka nawe mu Rwanda, hamwe na Alvin Smith co kimwe na Drama T.

Davis D akuye I Kirenge i Bujumbura, abakobwa batambanye uwo musi bakaba basigaweko, aho batarabwe ryiza, kuko ivyo bakoze ngo bidahesha icubahiro igihugu cacu.

Abo bigeme bakaba bakorewe ama Memes aho vyavuzwe ko ama Foto yabo yabitswe, ngo igihe c’ugutanga inkwano ngo bazoyazikurura noneho izo nkwano zitangwe mu bingorongoro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775