BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Amasanamu y’indirimbo nshasha ya Emelance Emmy yoba ageze kure

Muri Monday Superstar y’indwi ya 3 y’ukwezi kwa 3, abamenyeshamakuru Adijoe na Espoir B5, bari bashikirije ko umuririmvyikazi Emelance Emmy abarizwa I Bujumbura, kandi ko yazanywe n’ibikorwa bitandukanye birimwo n’ugukora umuziki.

Ku basanzwe bakurikiranira hafi imbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, agize imisi asangiza abamukurikirana amashusho n’amasanamu atandukanye aherekejwe n’amajambo biboneka ko ajanishwa mu bikorwa vy’umuziki, kuko abandanya abaza ko abantu boba biteguye.

Naho ataragira ico abishikirijeko mu binyamakuru bitandukanye canke aba Youtubeur batandukanye, ayo mashusho agize imisi asangiza abo bantu aboneka ko ari mu bikorwa vyo gukora amasanamu y’indirimbo nshasha.

Muri uwo mwanya muto, ico gikorwa kikaba gishobora gusigurwa n’uko uwo muririmvyikazi mu misi iheze mu kiganiro yigeze guha indundi Tv, yavuze ko afise ibikorwa bitari bike biriko birategurwa bizoshirwa ahabona mu misi ya Vuba, iryo sanamu rero rikaba rishobora kuba ari iry’indirimbo yakoreye I Kigali.

Mwomenya ko Emelance Emmy asanzwe muri kino gihe ata nzu n’imwe imufise mu maboko, ngo abe ariyo imumenya vyose mu bijanye n’umuziki, akaba yaramaze igihe adashira ahabona isanamu na rimwe ry’indirimbo,ariko akaba yaheruka gushira ahabona Audio y’indirimbo One Day.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775