africa newsEast Africa NewshomepagekirundipoliticsTanzania

Amatora 2020 : Perezida John Pombe Magufuli yemereye abatanzaniya amatora meza cane

Amatora nyezina ategekanijwe kuba mu mpera zo muri uyu mwaka w’2020 muri Tanzaniya ngo azoba meza cane kandi ahurikiyemwo bose.

Ivyo ni ivyaraye bishikirijwe n’uwuramutswa ico gihugu Doctor John Pombe Magufuli ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri waraye uheze, igenekerezo rya 21 Nzero 2020 i Dar es Salaam anamenyesha kandi ko azotumira indorerezi mvamahanga kugira ngo zibonere intambwe ishimishije ico gihugu kigezeko mu bijanye na demokarasi.

Perezida Magufuli yamenyesheje ko igihugu aramutswa ataco kitazokora kugira ngo ayo matora azobe mw’ituze ridasanzwe kurusha ayandi matora yose yari amaze gutunganywa muri ico gihugu.

Tubibutse ko mu matora y’ibanze y’abakuru b’amabarabara n’imitumba aheruka kubera muri ico gihugu mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze w’2019, Perezida John Pombe Magufuli kumwe n’umugambwe wiwe CCM (Chama Cha Mapinduzi) baronse amajwi ashika mirongo icenda n’icenda kw’ijana (99%) ku ma biro yo gutoreramwo agera ku bihumbi icumi na bitandatu yari yatunganijwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755