Entertainmenthomepage

AMB igabiwe Imodoka, none hajemwo Ikibazo

Imbonekarimwe, ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi, rigabiwe Imodoka yo mu bwoko bwa Renault, ariko ikaba iri ku mugabane wa Buraya.
Iyo modoka ikogwa n’abafaransa ikaba yemewe n’umuririmvyi Bobona yisumamwo mu gihugu c’Ubutariyano. Ariko abantu bamwe bakaba batemeye ko iyo modoka yohabwa iryo shirahamwe.

Nkuko twabashije kubibona ku mbuga za Facebook za Bobona, abantu berekanye amakenga bafise, kuko ngo iryo shirahamwe ivyo rikeneye ngo ribashe gukora neza ngo s’imodoka, kuko ngo bagifise ibindi bintu bitari bike vy’ibanze bitari bike.
Muvyashikirijwe bakaba basavye ko iyo modoka yotangwa mu mafaranga, noneho ngo hagurwe ibikorwa bindi iryo shirahamwe rikeneye aho bakorera, kuko ngo harateye isoni.

Abandi bavuga ko haguzwe ibikoresho vy’umuziki mu mafaranga yoguze iyo modoka, bikarungikwa I Bujumbura, AMB nayo igatanga ikibanza co kubishiramwo, ngo vyotuma abaririmvyi babasha kwiga gukora ibikoresho vy’umuziki.
Ubu rero impari zikaba zikiri zose Kuri izo mbuga, kuko bamwe batanguye kwagiriza Bobona ko yoba ashaka kwiyemera mu kubicisha Kuri Facebook, ngo iyaba yashaka kuyibaha ngo yoganiriye n’abo.

Abandi bakaba bagarutse Kuco yari yasavye, aho yari yavuze ko AMB bovugana na Leta kugira ironke ico bita Exoneration, kugira ntirihe ikori yinjiye mu gihugu, aho bamwe baciye bavuga ko yoraba akariha ikori, canke akabiheba.
Bobona akaba abishikirije mu gihe hagize imisi havugwa ukutumvikana hagati y’abatwara iryo shirahamwe ku rwego rw’igihugu. Ibimenyetso vy’ukwo kutabona kumwe ibintu bikaba vyabonetse cane muri uku kwezi Kwa 3 kwahariwe Umukenyezi, aho hasohotse Indirimbo 2 zihayagiza Umukenyezi zakozwe n’abari muri iryo shirahamwe, imwe igakorwa n’umugwi washigikiwe na President wa AMB, iyindi igakorwa n’uwari ushigikiwe n’icegera ciwe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707