Entertainmenthomepage

Big Fizzo na DJ Pius basabwe kuyisohorana amasanamu

Mu gihe abarizwa Ku mugabane wa buraya muri ino misi, umuririmvyi Big Fizzo yasubiye Kandi kuboneka arikumwe muri Studio n’umuririmvyi w’umunyarwanda DJ Pius hamwe n’umurundi yitwa Pizzo.

 

Nkuko vyemejwe na DJ Pius ubwiwe, ngo Big Fizzo na Pizzo bafise gishasha bariko barategurira abafana babo, naho hataramenyekana ryari ico gikorwa kizoshirirwa ahabona.
Ico gikorwa Kandi ntiharamenyekana nimba ari Ica DJ Pius canke ari ica Pizzo, we aheruka gukorana na Davis D ariko igikorwa ciwe kigahagarikwa n’ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora CNC, bagashiramwo na Big Fizzo.
Ari ica DJ Pius kikaba kitazoba kibaye Ica mbere, kuko uko ari babiri basanzwe bafitanye Indirimbo 2 zitakorewe amasanamu ariko zabashije kuboneka muma album ya Big Fizzo aheruka gushira ahabona.
Pizzo John n’indirimbo yakoranye na Davis D Mpamagara, hamwe na Big Fizzo n’indirimbo Hmm yafashije Ado Josan, bakaba baheruka guhura n’uruva gusenya, aho izo ndirimbo 2 ngo zititura imico n’imigenzo ya hano iwacu.
Iyo ndirimbo hakaba hariko hasabwa n’abafana barimwo Yassin wamu Promoter wa Big FIZZO, ko yoca ikorerwa amasanamu, kugira bikunde haboneke Indirimbo ya Ndugwe na DJ Pius izoba ifise amasanamu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 706