Entertainmentkirundimusic

#Amical des Musiciens|Mbega ikarata nshasha yoba igiye gukemura i Bibazo?

Iyo umuntu avuze ngo ubupfuvyi n’inkubutindi, womengo arashikuje nkuko kwoba ari ugushinyaguriza uwabuze. Haba na mba!

 

Hano iwacu nti biri kure dusimbiye gato mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu burundi(Amicales des musiciens du Burundi), inyuma y’itaha ry’umushingantahe Bruno Simvavimbere batazira Member, iryo nshirahamwe ryasigaye nk’iryimpfuvyi z’infatakibanza, inryane zararikunze, imyidogo n’ugutanako umwikomo biba umugenzi, ukunagana kwindongozi bica biba nk’imikino yo kwinezereze, uwoshaka kubimenye yobibaza Botchum kuko yabona rumwuzurirako akabura ukwajabuka nuko yasubira inyuma.
Ayo marira acanze n ‘imyidogo yaraduze arashika I Bwami maze umwe mu bavyeyi b’igihugu umushikiranganji ajejwe ivy’iyinjira ry’uburundi muri EAC, imico,inkino n’imicokama mu mwaka wa 2021,Ezechiel Nibigira afata ingingo yo gushiraho umuririmvyi akaba n’Umucuraranzi Romeo(IGWE) ubu akaba ariwe aramutswa iryobshirahamwe.
Imigambi ya Romeo tukaba twagiye turayibashikiriza mu makuru yacu, ariko nyamukuru akaba ari ukwegera abaririmvyi mu ku bashira hamwe mu Rukundo.
Guhuza abana bakuze ivyurukundo bisanzww bigora cane, ni igikorwa kitoroshe ariko kumwe n’ishaka birashoboka, igikorwa nyamukuru kiriko kirakorwa akaba ari ukwandika abaririmvyi gushasha bagahabwa ama karata mashasha narirya ayakera ngo yatanzwe mu ma nyanga menshi.

Mbega nubwo imangazine z’abo baririmvyi bataririmba mu rusengero zisa n’izugaye ku mvo z’ikiza ruhonyanganda korona virus, twoba tugiye kubona abaririmvyi basubira hamwe mu gukora ibiteramo mu gihugu cose baduga mu Modoka imwe, basenyera ku mugozi umwe?
Indundi Magazine ikaba isubiriye kwifuriza iyo BJ ndongozi kuroranirwa, ndetse duhamagarira abaririmvyi gutora izo carata nshasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 555