BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Andy Mwag ngo Kuronka Ibiganiro I Kigali ntivyari vyoroshe bagishika

Andy Mwang na bagenziwe basanzwe bakorana umwuga wo kuririmba mu manza, Karaoke, ngo ntivyari vyoroshe bagishika I Kigali.

Mu kiyago na Yago Tv Show I Kigali, Andy yavuze ko kugira babashe kuronka ibiganiro I Kigali, ngo bitaboroheye, kuko abamenyeshamakuru batari babazi, ariko ngo uko imisi yahera niko inzira zagenda ziboneka.

Izo nzira Andy avuga ngo zuguruwe n’uko abo bamenyeshamakuru batanguye kubabona muri Karaoke, noneho babona ko bashoboye, barabizera batangura kubaha ibiganiro.

Muri ico kiyago nyene, Mwag yaboneyeho akaryo ko kuvuga ko EP1 yiwe “Nisaidie, ibarizwa ku rubuga rwiwe www.andymwangmysic.com hamwe no ku mbuga zigurisha umuziki, ku bashaka kuzigura. Kubashaka kugurira muri website yiwe, iyo EP ikaba igurwa 8000 frw (~8$).

Mwonenya ko Andy Mwang ari umwe mu bigeze kuba muri Bodaboda Band ya Kidum mu kiringo c’umwaka, aho yavuza igitari. Ubu akaba akorera I Kigali, akavuza umuziki mu bikorwa bitandukanye, birimwo ama Studio, imanza n’ububare.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775