BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Appolinaire yavuze kw’ihereni n’ukwiyambiza vyamwagirijwe

Apotre Appolinaire abajijwe ibijanye n’ukwambara amahereni mu kiganiro yariko aha Bagenzi bacu, yahavuye ahubwo yongerako n’ibindi abatari bake batari bazi.

Muri ico kiganiro, uwo mwungere akaba yamenyesheje ko atigeze akora ivyo yagirijwe.

Haba ukwambara amahereni, ukwiyambiza, uguhindura agashatsi, n’ibindi yagirijwe, uwo mwungere w’ishengero rya Shemeza Temple avuga ko vyari bifise Intumbero itari Nziza.

Muvyo yabwiye Jimbere Magazine mu kiganiro Ibibazo 20, Apostle yavuze ko bivugwa hari mu gihe umubano wiwe na rumwe mu nsengero yasengeramwo utari umeze neza.

Appolinaire yavuze ko bitigeze bimubako, ariko ngo intumbero kwari ukumusubiza hasi.

Muri ico kiganiro, Appolinaire akaba ataretse gutumira abantu ku gikorwa gishasha kiriko kirategurwa hakazoshirwa ahabona Indirimbo nshasha, ibitabo n’ibindi bitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799