homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Arakaza Mac Arthur kuriwe n’iteka ridasanzwe gusubira gukorera igihugu

Inyuma y’igihe kitari gito adatumwako mu Ntamba mu rugamba, Arakaza Mac Arthur yashizwe mu rutonde rw’abakinyi 25 bagiye kwitegurira urukino rwa Gabon mu kwezi kwa Ntwarante .

Aganira na Indundi Sport Arakaza Mac Arthur umunyegori akinira umugwi Dynamos wo muri Zambia yabanje ashimira abamubaye hafi Bose, umuryango na bakunzi biwe atibagiye abansi biwe. Artur agira ati: “Mbanje gushimira Imana kumwe n’abaguma banshigikira muri kino gihe harimwo umuryango wanje , abakunzi b’umupira w’amaguru, n’abantu banje bo hafi, ndetse nshimiye na bansi banje Imana ibahezagire”.

N’iteka ridasanzwe gusubira gukorera igihugu canje umukinyi wese naho yoba afise ibitagenda n’iteka guserukira igihugu camuvyaye kikanamurera” Abajijwe ukungene urukino rw’ntamba mu rugamba na Gabon arubona akaba yaciye yishura ati” Niba wabigize umwuga uzi ico urondera utegerezwa kumenya ico urwo rukino rusigura kubuzima Bw’ umupira w’amaguru No Ku gihugu cawe” Mukamenya ko Arakaza Mac Arthur ari umunyegori wa mbere ( Titulaire ) atangura mu mugwi Lusaka dynamos ubarizwa mu kibanza ca kabiri mw’ihiganwa ryo muri Zambia .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871