BurundiArsenalfootballhomepageIbiyovyabwengeInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Arakaza mac Arthur yuriye indege agana mu gihugu kitaramenyekana

Umunyegori w’Intamba mu Rugamba Arakaza Mac Arthur yuriye indege agana mu gihugu kitaramenyekana .

Inyuma y’imisi ibiri haguma haboneka ifoto Ku mbuga ngurukana bumenyi bitandukanye arikumwe n’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi kumwe n’ inama nkenguzamateka Reveriano Ndikuriyo , Arakaza Mac Arthur kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 09 Kigarama isaha icenda 15h00 yaciye afata indege yerekeza mu gihugu gitashoboye kumenyekana.

Ku majambo make uyo munyegori w’Intamba mu rugamba yanditse kurubuga ngurukana b’umenyi rwiwe (Facebook) ntiyashoboye kuvuga igihugu agiyemwo akaba yanditse ati” Imana yonyene niyo izi # Buja 2….? Arakaza 1 # Hapotei.

Arakaza Mac Arthur akaba yari asanzwe akina mu mugwi Kakamega home boys yo mu gihugu ca Kenya , akaba yari ahamaze ikiringo c’imyaka ibiri.

Imwe mu migwi ikoma komeye yo muri Africa ikaba yari imaze imisi irondera uwo munyegori aho twovuga nka Sanga Balende yo muri RDC, Nkana Fc yo mu gihugu ca Zambia, Bidvest yo mu gihugu c’africa y’epfo n’iyindi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 897