BurundiDiasporaEntertainmenthomepagekirundi

Ata gihindutse Fleury na Usanase Jeannette bagiye kurushinga

Ndayirukiye Fleury na Usanase Bahavu Jeannette bagiye kugira ubugeni, aho ngo ni mu kwezi kw’12 ku ma genekerezo ataramenyekana neza, ariko Save the Date yabo ikaba yerekana igenekerezoi rya 17 n’irya 20 kigarama.

Uwo musore abarizwa i Kigali muri kino gihe, akaba asanzwe ahafise Company yise “FFP” isanzwe ihinyanyura amasanamu yatanguje mu mwaka wa 2015 aho yasuhukirayo.

Fleury Ndayirukiye uno musi yitwa Fleury Legend akaba ari umwe mu bakora bikemerwa amasanamu y’indirimbo za Gospel mu Rwanda.

Fleury hampande y’ibikorwa vy’ugukora amasanamu yaba ay’Imanzaco kimwe n’ay’izo ndirimbo zihayagiza Umukama, asanzwe anakora amareresi.

Ca Inkoni izamba ikaba ariyo reresi yiwe yamenyekanye cane muri iyi myaka 5 iheze, ubu naho akaba ariko akora iyitwa IMPANGA, isanzwe inakinamwo uwo mukunzi wiwe, akaba n’umukinyi akomeye “Acteur Principal”.

Ku batamwibuka, Fleury akaba ari umwe mu bakora amareresi hano iwacu inyuma y’ukwimukira mu Rwanda, eka akaba kandi n’umwe bakoze amasanamu y’indirimbo z’abaririmvyi batandukanye imbere y’umwaka wa 2015.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779