BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ay’ibiteramo, Landry Promoter ntazoyaheba

Igiteramo c’umuririmvyikazi w’umunyarwanda, Ariel Ways giheruka kubera hano iwacu, categuwe n’umumenyeshamakuru akaba n’umu Youtubeur Landry Pacelli benshi muzi nka Landry Promoter, Kandi ngo azonabandanya.

 

Yishura ku bibazo yariko abazwa n’abafana biwe, uwo musore avuga ko yasanze mw’itegurwa ry’ibiteramo harimwo amafaranga, none ngo agiye kubandanya.

Landry Pacelli akaba yabwiye abafana ko agiye kuzozana hano umu Rappeur mu ntumbero yo kubandanya akuza umudiho wa Rap.

Uwo musore akaba Kandi yemereye abafana biwe ko uburyo bwateguye ico giteramo bwose butavuye mu mufuko wiwe, ahubwo yaronse ubufasha bw’abandi bantu naho atatomoye ko yoba ari Toussaint, kuko uwamubajije ariwe yari yaketse.

Muri ico kiyago nyene, Landry yasabwe n’abafana ko yoraba mu kindi giteramo azotegura ngo agahindura agakoresha Podium iri professional. Ntiyavyanse, ahubwo yavuze ko bizovana n’uburyo buzoba buhari.

Naho Landry avuga ko Ways yasize umufuko wa Landry wavyimvye, ntihabuze utubazo tuba kuko abateguye igiteramo bagirijwe kutubahiriza ivyo bari bapanze, aho uwo muririmvyikazi afise ibiganiro ku ma Radio bitakozwe kubera umwanya.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775