BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

B Face ngo hakenewe ugushigikirana mu baririmvyi

Umuririmvyi Boniface ngo umupira yakoze uriko ibiranga abaririmvyi n’amashirahamwe ashigikira umuziki atari make, ngo yawukoze kugira atange akarorero.

Uwo muririmvyi mu kiyago na Siren Vibes, avuga ko abaririmvyi bari bakwiye guhagarika guta umwikomo kubafana ngo kuko aribo bari bakwiye gutanga akarorero.

Uwo muririmvyi w’Ingoma z’iwacu, akaba ataretse gukebura abo baririmvyi nyene ngo bareke Showbiz bahaguruke bashigikirane, uwuriko aririmba ntuce uja inyuma ngo urindire ko aheza, ahubwo uje imbere umukomere amashi, ari ako umukebura, navyo ubikorane ubugwaneza.

B Face akaba yabivuze atanga akarorero k’abaririmvyi bo muri Amerika aho abakuru bahaguruke bagakomera amashi abakiri bato.

Ubwo butumwa bukaba buje bukurikira ubwo Yoya Jamal aheruka gutangira muri Live kwa Mista champagne, aho yavuze ko abaririmvyi bari bakwiye gufata iya mbere mu gushigikirana, bakareka guta amakosa ku bamenyeshamakuru n’aba DJ.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775