BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

B face ngo Ivya Meili ntivyomuca intege na gato

B face ngo nta mugambi afise wo guhagarika gushigikira abaririmvyi bakiri bato, naho abo ashigikira batabimushimira. 

Mu biganiro yaba B face co kimwe na Meili baheruka gutanga, bose ntibahuriza ku ruhara rwa B Face mw’iterambere ry’umuziki wa Merveille abatari bake bazi nka Meili.

B face akaba avuga ko we yakoze ibishoboka ngo Meili abashe kumenyekana, harimwo kumutwara mu biganiro vyinshi uwo muririmvyi yitabiriye igihe bashira ahabona Indirimbo yiwe yise Insolite.

B face akaba ahanura Meili ko atobona ko akomeye cane ku ndirimbo 2 asohoye, kuko hari abasohoye ama Album ariko ngo batacumvikana, ahubwo gushira amaguru hasi ngo vyomufasha gusumba.

Naho biruko, Meili we avuga ko iterambere ryiwe arishimira Imana, nayo ikaba ikorera mu bantu, kuko ngo abamemenye bamumenye mu buryo bwinshi, burimwo ama Karaoke, amahiganwa yitabiriye mu bushimwa akiri kw’ishure n’ahandi henshi.

Uno musi hakaba hibazwa rero uwuvuga ukuri hagati y’abo baririmvyi uko ari 2.

Mwomenya ko B face akatari gake afata ukuboko abaririmvyikazi, ariko Meili akaba ariwe wenyene amaze kuvamwo akabandanya aririmba, mu gihe abandi bo basa n’ababihevye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775