BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

B face ngo ntazonanirwa n’ugutunga ubukwavu yagabiwe n’umukuru w’igihugu

Ubukwavu umukuru w’igihugu yaraye ahaye B Face burarikoroje ngaho hanze.

Umu Rappeur Kingorongoro asanzwe azwiko kutavuga rumwe na B face ntiyaretse kugira ico avuze Kuri ako kaganuke uwo mu Rappeur mugenziwe yahawe n’umukuru w’igihugu.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Whatsapp, uwo musore yavuze ko B face atazogorwa n’ugutunga ubwo bukwavu kuko asanzwe abimenyereye.

Ukwo kubimenyera avuga, kukaba ngo ari uko uwo muririmvyi B face asanzwe ari uwo bita umu Katamayani. Akaba yashatse kuvuga ko ari umwe muri bamwe basanzwe bahirira Inka.

Yagize Ati:” Nankana Ngo B face bamuhaye agakwavu?? Narirya rero ari umukatamayani ngira bizomworohera kworora😂😂😂😂.”

Ubwo butumwa akaba abushikirije mu gihe bagize imisi baterana amajambo ku mbuga ngurukanabumenyi. Ubu rero bikaba bishoboka ko uwo Mugabo nawe ashobora guca amwishura mu mwanya utari uwa kure gose.

Aba uko ari 2 bakaba bazohurira mu giteramo citezwe muri ino misi i Bujumbura aho bazoba baramutse bakira bagenzi babo bakomoka mu gihugu c’Urwanda.

Mukamenya ko ubwo bukwavu butahawe B Face gusa, ariko bwahawe na Vichou na Mutima kubera bari batemishije abari bitabiriye Inkerebutsi Day yabereye mu kibanza ca Jadrin Public Kuri uyu wa gatanu inyuma ya sasita.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775