BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

B Face yatangajwe n’uwahevye umuziki kubera arindiriye gukobwa

Mu ndirimbo Ibibazo aheruka gukorana n’abaririmvyi batandukanye 5, B Face avuga ko yashaka ijwi ry’umwigeme nawe akora Rap ngo bikunde humvikanemwo amajwi hafi nka yose, ariko yavuze ko ivyamubayeko amushitse imbere bitamworoheye gutahura.

Mu kiyago na BETV, uwo mu Rappeur arikumwe na 2 mubo barikumwe muri iyo ndirimbo, yavuze ko gahunda afise kuri iyo ndirimbo ari nini, kuko ngo hazokorwa n’izindi zishamikiye kuri iyo. Iyo ndirimbo kandi akavuga ko izoshirirwa ahabona amasanamu, ariko akavuga ko akirindiriye uburyo.

B Face ntarya umunwa mu kuvuga ko hari umwigeme yipfuje kumva muri izo ndirimbo, ariko ngo ntivyamukundiye. Igituma ngo nuko umwe muribo asanzwe aririmba Gospel kandi hari ibikorwa yarafise muri Studio aho bakoreye. Uwundi we ngo n’agahomerabunwa kuko amushitse imbere, avuga ko  yamubwiye ngo kuririmba yarabihevye, we arindiriye gukobwa.

2 muri 5 baririmbanye na B Face indirimbo Ibibazo

Boniface akaba yanavuze mu kiyago yagiranye na Siren Vibe Tv ko yabakoranije abo bose ngo kubera bamwituye ngo abafashe, noneho ngo abona ko atoshobora gukorana n’umwe umwe, ahubwo ahitamwo kubashira hamwe ngo bikunde ashitse ico bamusavye.

Mwokwibuka ko B Face avuga ko ariwe mwami wa Hip Hop hano iwacu no mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho avuga ko ata wumukoreramwo, naho hari abamuvuguruza kuko bavuga ko atarivyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775