BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

B Face yise aba Rappeur batamwerekwa imbwa, kandi ngo ntaco abashakako

Abakora umudiho wa Rap bamwidogera ngo n’uburenganzira bwabo, ariko ico bari bakwiye kumenya nuko agerageza gukora ico ashoboye mu gushigikira abakiri hafi, kandi ngo ntashobora kunezereza bose Atari amahera. 

Mu kiganiro yahaye Imboneshakure Buja Hit Tv, uwo mu Rappeur avuga kandi ko abo bamwidogera bari bakwiye kuraba impamvu bamwidogera, kuko nta rudandazwa ruri muri ukwo kumudisinga. Nayo kutabishura ku ndirimbo zitari nke zimaze kumuririmbwamwo, ngo nuko ataho bomushikana.

“Je bamaze kundisinga ari aba Rappeur 50, ahubwo igituma bidoga nuko ntabishura. Jewe narafashe akaruhuko muri Rap, igituma ntabishura,  nuko mbona ko ataho bongeza, kuko urumva ko babishiramwo Inzigo. Je narinzi yuko intego ari uguteza imbere Rap, ari ugukora urudandazwa, kumbe n’iy’inzigo, n’intambara. ”

Ku kibazo c’ugukora imidiho yose, uwo muririmvyi yavuze ko abarundi bose badakunda uwo mudiho, ngo bisaba ko atunganiriza bose. Aho akavuga ko kandi mu gihe asanzwe abishoboye atabona impamvu yo kureka kubatunganiriza. Ahubwo akabona ko abo bamwidogera bamushaka muri Rap gusa, ngo n’abatabishoboye.

Muri ico kiganiro nyene, B Face avuga ko ariwe mwami wa Rap hano iwacu, ngo nico gituma yari yashimye kubanza gukinjura ngo arabe ico bashoboye, none yasanze ataco barimwo. Uwo muririmvyi yanigereranije n’igufa, mu gihe abandi yabafashe nk’imbwa, aho bama baraba aho aciye, mu gihe nawe afise abandi bakomeye bari imbere yiwe ariko akurikirana araba.

“ Barankunda cane gose, nico gituma bazi ico ndabamariye. Narabivuze yuko  imbwa zikurikira amagufa, fata ko nd’igufa canke nd’inyama, nabo zikaba ari imbwa. Kenshi iyo utereye igufa, naho urirenza urugo imbwa irasimba ikarifata. Je nukuvuga baraba iyo ndiko ndaca. Igufa ntirigira amaso, ntirihindukira, bobo kubera bafise ayo maso, bakurikira iyo ndi. Je mpindukiye nzoba ndiko ndasubira inyuma, kandi kenshi iyo wiruka n’ikintu kanaka, wewe uraba imbere yawe, rero nanje nimba ndaba imbere yanje nkaba ntarabishura,  nta numwe mbonamwo. Ariko bo bariko biruka bambona imbere, bisigura ko ntashaka gusubira inyuma.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776