BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Ba basore bavukana, Rap boy na Treyzo bagiye gukorana n’uwundi muririmvyi

Inyuma y’ugushira ahabona Yooh, hama hagakurikira Yooh RMX bakoranye n’abaririmvyi batari bake, iri no mu ndirimbo z’abarundi zivuzwa cane I Kigali, ngo ubu naho agira yongeremwo uwundi.

Naho hataramenyekana izina ry’indirimbo co kimwe n’igihe izosohokere, uwumaze kumenyekana n’uwo bazokorana, uwo nawe s’uyundi ni Berry Music.

Uwo musore nawe agize imisi akunzwe, Kandi nawe ataheruka Kuryohera abafana mu gushira ahabona ikindi gikorwa gishasha inyuma ya MA, co kimwe n’uwo mugwi w’abo basore nawo warumaze amezi 6, bose bakaba bakaba biteguriye gushira ahabona ico gikorwa bakoranye.

Mwomenya ko abakiri bato muri uwo mwuga hano iwacu bamwe bamwe baheruka gushikiriza ko bagiye kuza barakorana ngo baduzanye, kuko bakuru babo banse kubafata ngo babateze iyindi ntambwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775