homepagekirundi_Sports

Babiri mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba basezerewe

Inyuma yaho Patrick Sangwa Na Valery Nahayo batangiye imihoho mu mugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba , abandi babiri baciye basezererwa.

Amakuru Radio Indundi Culture ifise n’uko Manager w’Intamba mu rugamba Mutima Constantin hamwe na Kit Manager w’Intamba mu rugamba Mpawenimana Hassan batakibarizwa muri Staff y’Intamba mu rugamba .

Gushika muri kano kanya ntawuramenya imvo yoba yatumye basezererwa mu mugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba, n’inkuru tukibandanya tubatohoreza.

Yaba Manager w’Intamba Mutima Constantin canke Mpawenimana Hassan nta n’umwe ahakana ayo makuru yo gusezererwa.

Amakuru twaronse avuga ko Étienne Ndayiragije ariwe yoba yashimye ko bokinjura bakamubisa naho tutabifitiye ivyemezo.

Bikavurwa ko Manager Mutima Constantin yasubiriwe n’umumenyeshamakuru w’inkino Achel Niyongere akorera I Radio y’igihugu , mugihe Kit Manager Hassan Mpawenimana yasubiriwe na Ndikumana Youssouf batazira Lule yigeze kuba kizigenza w’umugwi wa LLBS4A kera .

Mwomenya ko umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba wimirije gukina inkino zibiri zo kurondera itike ryo kwitabira inkino zanyuma z’igikombe c’isi muri kuno kwezi , aho urukino rwa mbere rwitezwe igenekerezo rya 16 Munyonyo 2023 mugihe urwa kabiri ruzoba igenekerezo rya 19 Munyonyo 2023, izo nkino zose zizobera mu gihugu ca Tanzania .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775