Ni irya mbere umukinyi w’Intamba mu rugamba Youssouf Ndayishimiye ahabwa ikarata itukura mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Bufaransa.
Hari ku musi w’Imana igenekerezo rya 05 Munyonyo 2023 igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo ine n’itanu ( 21h45) aho umugwi OGC Nice wari wakiriye umugwi Stade Rennais Fc Mu rukino rw’indwi igira 11 rw’ihiganwa rikuru ryo mu Bufaransa Ligue 1 Auber Eats. Urwo rukino rwarangiye OGC Nice itsinze Ibitsindo 2-0.
Umukinyi w’Umurundi Youssouf Ndayishimiye yari hatangujwe mu kibuga nkuko vyama, ariko munyuma ku munota wa 75 w’urukino yahavuye ahabwa ikarata itukura n’umuhagarikizi Clément Turpin inyuma yo kwifashisha amashusho ya VAR.
Mwomenyako OGC Nice gushika muri kano kanya ariyo ifata ikibanza ca mbere n’amanota 25 bakaba barusha inota rimwe PSG – Paris Saint – Germain.