homepage

Bamwe mu baririmvyi n’ubu baridoga

Inyuma yaho umuririmvyi Tomson the Voice yidogeye abaririmvyi n’abahinyanyuzi ko atarukundo bafise hagati yabo, umuririmvyikazi Lee Charon nawe yagize ico abivugako.

Hari ku musi wa gatatu Igenekerezo rya 10 Nzero 2024 Lee Charon n’umuririmvyikazi w’umurundi asanzwe akorera ibikogwa vyiwe hanze y’igihugu (Amérique), yari umutumire mukiganiro Indundi Hits Show aho yaraje gusigura vyinshi kubijanye n’indirimbo ziwe.

Muri ico kiganiro yaratanze umuco ku mpamvu yatumye ataboneka mundirimbo yiwe “Reka” yakoranye n’umuririmvyi yitwa Umwami Rack yagize ati: _Irya Ndirimbo Ntitwayikoreye vidéo Bivanye nuwo twaririmbanye atigeze ashaka KO aja muri vidéo Bica biba ngombwa KO nifashisha abtamvyi (Danseurs ) Dukora vidéo yo gutamba “_

Arongera akagira _ati: abaririmvyi Turakora ikibi gute nokuriha kugira dukorane ariko ntiheze ushitse ivyo wemeje ??_ _ni Benshi nagiye ndafasha haba mukwandika Hari N’abandi mbabwira bazane Ndabakosore indirimbo zabo zanditse mururimi rw’icongereza bakanka kandi mba numva KO ivyo baririmvye Birimwo amakosa menshi_.

Uyo muririmvyi yavuze ko agiye gusohora indirimbo zibiri yakoranye n’abaririmvyi batandukanye baha iwacu ndetse no mukarere.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671