BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Bamwe mu bakurikiranira Natacha baramuhakije

Ngendabanka Natacha bakunze kwita la Number, asubiye Kandi kuvugisha benshi kubera umwambaro yari yambaye kw’ifoto aheruka gusangiza abamukurikirana, ariko Kandi n’ukubera amajambo yaherekeje iryo shusho.

Uwo muririmvyikazi aheruka mu gihugu c’Ubugande gufata amasanamu y’indirimbo nshasha buca asohora, yatewe utwatsi na bamwe mu bamukurikirana.

Imvo ngo nuko umwambaro w’akajipo kagufi yari yambaye ngo utamubereye, Kandi ngo ari gusa.

Uwo mwambaro watumye umwe mu babashije kugira ico bashikiriza yibaza ari nka hamwe bamugize umuhanuzi mu bushikiranganji bw’inkino n’imicokama, iyo vyoherera.

Abavuze ntibagarukiye ngaho kuko banagarutse ku majambo yaherekezesheje iyo Foto, kuko yagize ati : ” Umukobwa agukunda, n’urya akubwira ati turavye uko ubutunzi bwacu bwifashe, iyi Valentine ntuzonsohokane, ahubwo uzombize akayashu.”

Ayo majambo abantu bayavuzeko, aho bavuze ko abakobwa nkaho batakibaho, kuko ubu ngo abakobwa n’abahungu bapfana amafaranga.

Abagore bameze nkuko ngo bamwe bapfuye mu 72, bandi nabo ngo bajanye na COVID, nayo abasigaye ngo umengo bariko baragura.

Natacha akaba nawe muri ubwo butumwa butari buke yarungikiwe yabajijwe nimba nawe ariko afata wa muzungu wiwe.

Natacha muri ubwo butumwa burenga hafi 500 yarungikiwe nta na bumwe yabashije kwishura.

Iryo shusho rikaba ryakunzwe cane ku buryo ryariko rirasa n’iringanya ama Likes n’irimaze hafi indwi yose.

Mukamenya ko Natacha ari mu baririmvyi bafise igitigiri kinini c’abamukurikirana, ubu akaba ageze ku bagera ku 400,000 bamukurikirana kuri Facebook, nayo kuri Instagram akaba afise abamukurikirana 1,300,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775