footballhomepagekirundikirundi_Sports

Musongati Fc yahaye amasezerano Kevin Pastor

Umugwi Musongati Fc wo mu ntara ya Gitega ukina mu cicaro ca mbere muri Primus League waguze umukinyi wa kera wa Flambeau du Centre .

 

Kuri uyu wa gatanu Igenekerezo rya 12 Nzero 2024 , mu ntumbero yo kwitegurira neza igice ca kabiri c’ihiganwa rya Primus League ,Umugwi Musongati Fc wasinyishije Hakizimana Kevin benshi bazi kw’izina rya Pastore .

Kevin akaba yahawe amasezerano y’amezi 6 gusa , akazokinira uwo mugwi w’Igitega mu nkino zo gusubiriza gusa .

Kevin Hakizimana yari mu bakinyi bigeze kugurwa amafaranga atari make mu mugwi Flambeaux du Centre usanzwe urongowe n’umugwizatunga Kazohera Vénerand.

Mwomenya ko Kevin Pastore amaze gukinira imigwi itari mike nka Athletico Olympic , Rukinzo Fc , ubu akaba agiye gukinira umugwi Musongati Fc no mu Rwanda akaba yarakiniye umugwi Mukura Victory Sports hamwe na Police FC.

Pastore akaba agiye mu mugwi Musongati Fc uri mu kibanza ca 4 muri Primus League n’amanota 28.

Mwomenya ko uwo mukinyi yari amaze amezi 6 ashomereye bivanye n’uko ata mugwi yari afise abarizwamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874