BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Bantu Bwoy yoba yabonye umuririmvyikazi

Inyuma y’igihe kitari gito amakuru hariko hasabwa ko Bantu Bwoy yoshira ahabona umuririmvyikazi bazoshira muri Bantu Bwoy, uwo muririmvyikazi yatanguye gukekwa naho ataco biravugwako.

Ku basanzwe bakurikiranira hafi amakuru y’uwo mugwi ufiswe mu minwe n’umutambukanyi wa Mugani Desire, vyari vyavuzwe ko Chany Queen yoba ariwe muririmvyikazi azohava aja muri Bantu Bwoy, ariko ntivyaba.

Muri ino misi Hari umwigeme asanzwe Ari no mu gitigiri c’abaririmvyi bazokora muri Festival itegurwa na Bantu Bwoy, Festival de l’independance, isanzwe iba mu kwezi kw’7, biriko bivugwa ko yamaze kwinjira muri Bantu Bwoy.

Cherine Rock akaba ariwe mwigeme bivugwa ko yamaze kwinjira muri Bantu Bwoy naho abo muri Bantu Bwoy bataramenyesha ko bamwakiriye.

Uwo mwigeme kuri Instagram yiwe akaba yamaze kwemeza ko Ari musi y’uburongozi bwa Bantu Bwoy, naho ku mbuga za Bantu Bwoy zo atakiravugwa.

Cherine akaba yaramaze gukora Cover y’indirimbo Ubusa ya Big Fizzo.

Mwomenya ko Bantu Bwoy bavuze ko igihe kigeze bazojwinjiza muri Label umwigeme, ariko hakaba hari n’abaririmvyi basanzwe bakorana ariko batari musi y’uburongozi bwa Bantu Bwoy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760