homepagekirundikirundi_SportsWorld News

Barcelone ishobora kwemera kwongereza amahera ngo bagarukane Neymar

Fc Barcelona ngo yoba iriko irisuganya ku buryo ngo mu mwaka uza wa 2020, bikunde ko babasha kugarukana umukinyi wabo Neymar, ayo makuru tukaba tuyakesha ikinyamakuru c’abongereza.

Ayo makuru akavuga ko uwo murwi uriko uritegura mu kugurisha abakinyi bamwe bamwe, kugira bikunde agashahara ka Neymar co kimwe n’amafaranga yo kumugura bizoboneke ata kibazo kibonetse.

Ariko ayo makuru nyene akaba avuga ko na PSG iticaye kuko yoba iriko iraganira n’umuryango wa Neymar ngo barabe uburyo bokwongereza amasezerano y’uwo mukinyi.

Ivyo bikaba biriko bivurwa mu gihe ariko yifata neza mu kibuga inyuma yaho yaramaze igihe abuze gose kubera imvune za buri kanya zamushikiye kuva ashika mu gihugu c’ubufaransa muri 2017.

Ariko naho biruko, uwo mukinyi yaravuzweko vyinshi, aho yerekanye ko ashaka gusubira muri Barca, ariko akandi kanya akavuga ko ivyo atakivyiyumvira kuko afashwe nk’umwami muri ico gihugu c’ubufaransa.

Gushika ubu rero bikaba bigoye kubona ikiriko kirategurirwa Neymar mu misi ya Vuba, kuko ibiriko bivurwa ari vyinshi cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871