BasketballBurundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSportsport_promoted

Basket : Muzinga yiyubuye mu gihe benshi bari bayihebuye

Inyuma y’ imyaka ibiri iheze Muzinga itatsinze urukino na rumwe, uwo murwi ubandanya utangaza imirwi myinshi, ukaba warirahiye imirwi nka New stars mw’ihiganwa rya ACBAB , utsinda mu gikombe citiriwe incungu z’uburundi imirwi nka Urunani na Les hyppos ucukwiza inkino 5 utsinda wikurikiranya ivyo utari bwakore mu kinjana ca 21 .

Urunganwe rushasha rwa Muzinga rukaba rwamaze kumenyerana mu kibuga babifashijwemwo na Mwidogo Amand,Bujeje Romus yamuka mu ntara ya Cibitoke na Lieutenant Biromo Tharcy n’abandi.

Mu mpera z’ino ndwi Muzinga yarirahiye Les hyppos ku manota 77 kuri 61 bica bituma Muzinga ironka uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri mu gikombe citiriwe Intwari .

Mu zindi nkino zibiri zakinywe ,i Bujumbura Dynamo yatsinze Mutanga united 89 kuri 60 mu gihe i Gitega, Imbeya zakiriye zongera zihatsindira Aigle noir Ku manota 86 kuri 61 .

Ikiboneka nuko Dynamo , Imbeya na Muzinga zamaze kuronka itike ryo gukina igice ca kabiri gishira icanyuma hakiyongerako Young eagles

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686