Basketballhomepagekirundikirundi_Sports

Basketball : Gladiator ifise umumenyereza mushasha

Ntibikiri ibanga Cristal Gatabazi batazira coach Kibwa niwe amenyereza kuva kuri uyu w’Imana umurwi wa Gladiator akaba azobandanya afasha muri staff ya New stars irongowe na Nshimirimana Christian batazira Ndindi

Uwo mumenyereza yaramenyereje yongera aramurira imirwi nka Mutanga United, Muzinga , Gymkhana , Les hyppos na Les gazelles.

Ku bwiwe ngo yipfuza gushikana kure uwo murwi wamuhaye icizere , Gatabazi akaba azwi cane mu kuramura abakinyi agashimishwa n’urugero abana bariko baduga mu cicaro ca mbere berekana.

Uwo batazira Kibwa azokorana n’icegera ciwe Kantore Claude mu gihe uwahora amenyereza uwo murwi Claude Ndayiragije batazira Kidudume yahawe amabanga nk’umuyobozi muhinga muri uwo murwi wahoze witwa Berco stars .

Uwo murwi ajemwo ukaba umaze gutwara ibikombe 2 vyitiriwe Gisembe mu Rwanda , watahukanye ihiganwa rya zone 5 rikaba ryatumye uwo murwi ukina igikombe ca Africa c’imirwi kikaba cabereye muri Angola mu mwaka wa 2015 mu kwezi kwa Munyonyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874